Wednesday, November 28, 2012

FDRL yemeza ko "yateye mu Rwanda"

FDRL yemeza ko "yateye mu Rwanda"


Ibiherutse kuvugururwa: 28 ukwa cumi na rimwe, 2012 - 14:36 GMT

Abarwanyi ba FDLR
Abarwanyi ba FDLR
Umuhari wa gisirikare FDLR urwanya leta y'u Rwanda ufise icicaro muri Kongo, wemeza amakuru avugwa n'igisirikare c'u Rwanda ko wateye mu burengero bw'igihugu.
Umuvugizi wa FDLR, Laforge Fils Bazeye, yabariye BBC ko bateye ahahoze hitwa Mutura na Rwerere, prefecture ya Gisenyi.
Bwana Bazeye yavuze kandi ko batse igisirikare c'u Rwanda inkoho zirenga mirongo ibiri, ngo kandi imirwano iracakomeza, aba FDLR bakaba ngo bakiri muri ako karere.
Abajijwe aho bateye bazanana mu gihe igice ca Kongo cegeranye n'u Rwanda bociyemwo ubu kigenzurwa na M23, umuvugizi wa FDLR yavuze ko aho bateye bava ari ibanga ryabo.
Ejo kuwa mbere umuvugizi w'igisirikare c'u Rwanda yabariye BBC ko abasirikare ba FDLR bari hagati y'120 n'150, bagavye igitero mu tugari twa Kabuhanga, Hehu na Muti.
Brigadier General Joseph Nzabamwita yabandanije avuga ko abasirikare b'u Rwanda bashoboye kunesha abo ba FDLR, bicamwo batandutu bafata abandi babiri.

Hari ibitumvikana neza.

Ariko bamwe mu bihweza utuntu n'utundi, babona ko ico gitero ca FDLR muri kino gihe kidashoboka.
Umushakashatsi akaba n'umwanditsi w'Umubirigi, Philippe Reyntjens, yabariye BBC ko FDLR kuri uno mwanya ata bushobozi ifise bwo kuvogera u Rwanda kubera ubukomezi rufise bwa gisirikare.
Uwo mwanditsi yabandanije avuga ko igitero c'abantu 150 kivugwa n'umuvugizi w'igisirikare c'u Rwanda, ngo cari kwigaragaza batarinjira mu Rwanda ngo kuko atari akagwi gato.
Bwana Reyntjens kandi yibaza ukuntu FDLR yorengana igice ca Kongo kigenzurwa na M23 bivugwa ko ifashwe mu mugongo n'u Rwanda, ikagaba igitero muri ico gihugu.
Ku bwiwe ngo hari ibintu bibiri bishoboka, ngo u Rwanda rwoba rushaka guhindukiza amaso y'amakungu ntasubire kuraba ivy'uko rufashe mu mugongo M23.
Reyntjens abandanya avuga ko ica kabiri gishoboka ngo ari uko u Rwanda rwoba rurondera urwitwazo rwo kwinjira muri Kongo imbona nkubone, mu gihe rwoba rugiye guhiga umugwi ubangamiye umutekano warwo.

No comments:

Post a Comment